7.1 C
New York
Wednesday, March 22, 2023

Buy now

spot_img

Musengere Atsu yavanywe munsi yibyagushujishwe numutingito

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Ghana ryasavye abafana “gusengera” uwahoze ari umusatirizi wa Chelsea na Newcastle, Christian Atsu, bivugwa yuko yaheze mu bihomoka vy’inzu nyuma ya nyamugigima ikomeye cane muri Turkiya.

Atsu w’imyaka 31 hamwe n’umuyobozi ajejwe inkino mw’ikipe yiwe Hatayspor, Taner Savut, baheze munsi y’ibihomoka nyuma ya nyamugigigma, nk’uko bitangazwa n’umunyamakuru akomeye w’inkino muri Turkiya, Yagiz Sabuncuoglu.

Hatayspor niyo kipe ikomeye i Hatay, umwe mu miji yakozweko na nyamugigima w’ubukomezi bwa 7,5, imaze guhitana abantu barenga 2.000 muri Turkiya na Syria.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Ghana ryashize ubutumwa kuri twitter bugira buti “Turasengera Umukinyi Mpuzamakungu wa Ghana Atsu hamwe n’abandi babangamiwe na nyamugigima muri Turkiya na Syria

Ubwo butumwa bwabandanije bugira buti “tubandanya n’utwigoro two kugerageza kuvugana n’abajejwe ikipe ya Hatayspor hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Turkiya, mu gihe ibintu bitoroshe”.

Atsu, amaze gukinira Ghana inshuro 65, yamaze igihe kinini c’ugukina kwiwe mu Bwongereza aho yatanguriye mw’ikipe ya Chelsea muri Nyakanga (9) 2013.

Uyu mukinyi wo mu mpande yaratijwe amakipe menshi arimwo Everton, Bournemouth na Newcastle United, iyi akaba yaciye ayisinyira bwegu mu 2017

Related Articles

105 COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

Stay Connected

0FansLike
3,741FollowersFollow
0SubscribersSubscribe
- Advertisement -spot_img

Latest Articles